

Wallet niki?
Wallet ni system irinzwe igufasha kwakira, kubika, kurungika no kubikura ubutunzi bwawe ndetse nokuriha mumwanya muto, iyo system irakoreshwa murubuga rwa buja fasta.
Muri Buja Fasta hari ubwoko bubiri bwa Wallet:
Personal Wallet
Seller Wallet
Biratandukanye kandi buri imwe ifise ico ifasha.
š¹ Personal Wallet ni iki?
Personal Wallet ni Wallet yawe bwite.
Ni aho wakirira amafaranga avuye ahantu hatandukanye:
-Amafaranga ushizemwo
Amafaranga urungikiwe n'incuti
Amafaranga wimuye uvuye muri Seller Wallet
Nāayandi mafaranga wemerewe kwakira
Amafaranga ari muri Personal Wallet arashobora:
Gukoreshwa kugura ibicuruzwa
Kurungikira uwundi muntu
Kuvanwamwo (withdraw) igihe ubishatse
Mu majambo make:
Personal Wallet ni yo ukoresha mu buzima bwawe bwa misi yose muri Buja Fasta.
mugihe atabutunzi ufise muri personal wallet yawe ya Buja Fasta ntakintu ushobora kugura kurubuga rwa buja fasta.
Nimba utazi ingene wokwinjiza amahera muri Personal wallet yawe Guma umanuka musi kuriyi page nyene uraza kubona ukwo bigenda intambwe kuyindi.
Mugihe uri kurubuga rwa Buja Fasta wipfuza kugura vyonyene ntukeneye seller wallet ahubwo ukeneye Personal wallet yonyene, ariko no kuzigira zose ntaco vyica.
š¹ Seller Wallet ni iki?Seller Wallet ni Wallet iri mw'iduka ryawe(shop yawe).
Iyi Wallet yakira gusa:
Amafaranga winjije mu kugurisha ibicuruzwa vyawe
Ntayandi mafaranga ishobora kwakira kiretse ayavuye muvyo wadandaje.
Amafaranga ari muri Seller Wallet:
Ntashobora gukoreshwa mu kugura
Ntashobora kurungikirwa uwundi muntu.
Ntakintu nakimwe ashobora gukora atabanje kwimurwa.
Imbere yo kuyakoresha, utegerezwa:
1ļøā£ Kuyavana muri Seller Wallet
2ļøā£ Ukayimurira muri Personal Wallet
3ļøā£ Hanyuma ni ho ushobora kuyakoresha ico ushaka.
Menya neza : Igihe muriko murimura amafaranga ava muri Seller Wallet aja muri Personal Wallet, hariho ibice bikatwa.Ivyo bice:
Ntibikatwa ku mafaranga winjije yose mu kudandaza
Bikatwa gusa ku mafaranga muriko murimura.
Bisigura ko incuro yose wimuye amafaranga ava muri seller wallet aja muri personal wallet ivyo bice birakatwa. Nimba utazi ingene bimura amafaranga ava muri seller wallet aja muri Seller wallet guma umanuka musi kuriyi page nyene uraza kubibona.
Mu majambo make:Personal Wallet ā Amafaranga yawe ushobora gukoresha.
Seller Wallet ā Amafaranga wakuye mu kugurisha, ategerezwa kubanza kwimurwa imbere yukwo uyakoresha.
Ibi bituma:
Amafaranga yāiduka (shop) acungwa neza
Habaho umutekano nāitandukaniro hagati yāubucuruzi nāamafaranga yawe bwite