Ni gute nokwugurura ikonte ya Buja Fasta?
Uko Wokwugurura Ikonte ya Buja Fasta
Intambwe ya 1: ronka application ya Buja Fasta kuri play store canke kuri app store rondera "Buja Fasta"
Intambwe ya 2: Ugurura application ya Buja Fasta
Intambwe ya 3: Umaze kwinjira muri application, ja kuri Profile.
Intambwe ya 4: Manuka munsi hama ufyonde kuri Log In
Intambwe ya 5: Fyonda kuri Create Account
Intambwe ya 6: Shiramwo email na mot de passe. Imbere yo kwemeza, raba neza ko email winjije isanzwe iri muriyo telefone nyene usanzwe uriko urakoresha mu kwugurura ikonte. Ivyo bigufasha kwemeza konte ata ngorane nimwe.
Intambwe ya 7: Uheje gushiramwo gmail yawe na password Fyonda kuri Create Account
Intambwe ya 8: ja muri Gmail urindire ubutumwa bwa Buja Fasta burimwo aho kwemeza.Ugurura ubutumwa bwa Buja Fasta, urabona ahantu hokwemeza email yawe handitse Confirm Email ca ufyondako.
Mugihe utaronse ubutumwa bwa buja fasta muri gmail yawe soma ibi bikurikira :
raba ko ufise connexion nziza
.Raba muri Spam folder yawe ya Gmail.
Rindira iminota 5 hanyuma ugire refresh (actualiser).
Raba neza ko gmail watanze ariyo utiheze ikintu nakimwe
Subira ugerageze kandi kwugurura konte bushasha
Vyanse vyose, hamagara Buja Fasta igufashe. bujafasta@gmail.com twandikire ukoresheje ino gmail usigure ikibazo wagize mumajambo make.
menya neza : mugihe warusanzwe ufise konte ya Buja Fasta canke mugihe wagerageje kwugurura ikonte ya Buja Fasta bikanka incuro nyinshi ukoresheje iyo gmail nyene muntumbero yumutekano wabakoresha urubuga rwa Buja Fasta urashobora kutaronka ubutumwa bwo kwemeza bikaba ngombwa ko wakura Buja Fasta kugirango ibukuronse. twakure uciye kuri bujafasta@gmail.com
Intambwe ya 9: Uhejeje gufyonda rindira application yuguruke hama wuzuze ibisababwa (complete profile) uzuza ibisabwa ukoresheje imyidondoro yawe yukuri kuko ivyo wuzuza birakoreshwa muguhana hana amafaranga.
menya neza : mugihe batabasavye kwuzuza ibisabwa ubwonyene muhejeje kwugurura ikonte, ca muja muri profile hama mufyonde kuri log out hama muheze mwinjire muri konte yanyu mukoresheje gmail na password mwakoresheje kare mukwugurura ikonte yanyu, muhejeje kwinjira muri konte yanyu muraheza mubona ahantu handitse "complete profile" ca mufyondako hamanyuma mwuzuze ibisabwa.










Menya vyinshi: iyo muhejeje kwugurura i konte ya Buja Fasta ntimuba mugikeneye kwongera kugira kuronka code muri Gmail yanyu kugira mwinjire muri konye yanyu ahubwo mwinjira muri konte yanyu mukoresheje gmail hamwe na password mwakoresheje mukwugurura ikonte yanyu ya buja fasta
Menya vyinshi: mugihe mugize ikibazo kubijanye na konte yanyu murashobora kutwandikira muciye kuri bujafasta@gmail.com inyishu ishobora gufata amasaha 24 canke ntashike.