NI GUTE BASHIRA AMAHERA MURI WALLET YA BUJA FASTA?

MBERE NA MBERE: MY WALLET (PERSONAL WALLET) NI IKI?

Wallet ni uburyo bugufasha kwinjiza amahera muri konte yawe ya Buja Fasta kugira ushobore kugura ibidandazwa biri kuri Buja Fasta.

Ni ngirakamaro kumenya ko:

Wallet ya Buja Fasta si ububiko bw’amahera bw’igihe kirekire nka Lumicash canke banki.
Iyo wallet ikoreshwa gusa mu kuriha ibidandazwa ushaka kugura kuri Buja Fasta.

Bisigura ko ugira amahera muri wallet yawe igihe ushaka kugura, hanyuma ukayakoresha kuriha ico ugiye kugura gusa.

MENYA NEZA

Wallet ya Buja Fasta ntifatanije na Lumicash yawe canke banki yawe.
Ni system yigenga ya Buja Fasta ikoreshwa gusa mu kuriha ibidandazwa biri kuri Buja Fasta.

INTAMBWE ZO GUSHIRA AMAHERA MURI WALLET

  1. Fyonda kuri “Add Money”.

  2. Uca ubona numero hamwe n’izina (Agent Code) uzoshirako amahera.

  3. Gira deposit kuri iyo numero. (suzuma neza ko izina bihuye nizina Buja Fasta yakweretse)

  4. Uhejeje kugira deposit garuka muri my wallet ongera ufyonde kuri add money

  5. Hanyuma andika igitigiri c'amahera warungitse.

  6. fyonda kuri (upload payment screenshot) shirako ifoto yemeza aho warihiye

  7. Fyonda kuri “Continue”.

  8. Hanyuma rindira ko umukozi wa Buja Fasta asuzuma .

Ivy’ugusuzuma bishobora gufata iminota igera kuri 15.

IYO VYEMEJWE

Iyo umukozi ahejeje gusuzuma akavyemeza,
amahera aca yinjira muri wallet yawe ya Buja Fasta, hanyuma ushobora gutangura kugura ibidandazwa.

IYO BITEMEJWE

Iyo payment yanse, amahera ntiyinjira muri wallet yawe.

Umukozi wa Buja Fasta aca aguhamagara kuri numero watanze igihe wafungura konte kugira akubwire aho ikibazo cabereye.

ICIBUKIZO

Buja Fasta Wallet (My Wallet) ikoreshwa mu kuriha gusa.
Si ububiko bw’amahera bw’igihe kirekire nka digital banks canke Lumicash.