Ni gute notangura kudandariza kurubuga rwa Buja Fasta?

Kudandariza kurubuga rwa buja fasta ni kubuntu, mugihe ufise ikibanza usanzwe ukoreramwo canke ataco ufise, ariko mugihe ibidandazwa bisanzwe arivyiwawe.

ITZ: kuva 22/02/2026 kubipfuza kudandariza kurubuga rwa buja fasta badafise ibibanza basanzwe bakoreramwo canke badafise aho babika ibidandazwa vyabo Buja Fasta muntumbero yo gutanga serevise inyaruka kubaguzi, isaba ko abo badandaza kubavyipfuza ko ibidandazwa vyabo bobizana kubiro bikagumaho.


kugirango utangure kudandariza kuri Buja Fasta bigusaba ko wugurura shop (iduka). shop nayo igufasha ibi bintu nyamukuru:

  1. gushirako ibidandazwa

  2. kuganira nabakiya bawe

  3. kwakira ama komande (orders)

  4. kwakira amafranga bakurishe

  5. kuyabikura

  6. nibindi..

Ni gute nokwugurura shop muri Buja Fasta ?

kugira wugurure shop muri buja fasta bigusaba ko uba usanzwe ufise konte ya buja fasta, nimba utarugurura konte ya buja fasta FYONDA NGAHA umenye intambwe kuyindi ingene yugururwa.

Ingene wugurura shop muri buja fasta:
Intambwe ya 1 : Ugurura application ya Buja Fasta irimwo konte yawe.

Intambwe ya 2 : ja kuri profile

Intambwe ya 3 : fyonda kuri My shop hama ugende wuzuza ibisabwa vyose.

mugihe ukiriko urugurura shop yawe Urashobora gusabwa kwugurura PIN ya wallet yawe mugihe utari bwayugurure, iyo PIN ni igiharuro kabanga cawe ukoresha mukwinjira muma wallets yawe, iyo PIN kugirango uyemeze uyisubiramwo incuro zibiri.

Mugihe ugize ikibazo icarico cose uriko urugurura shop, urashobora kuvugana numukozi wa buja fasta aca agufasha mukanya gato, muri application yawe ya buja fasta ca ngaha👇

Shop imfasha iki muri Buja Fasta?